Bujumbura:Munama y’abakenyezi b’Imboneza,abazungukazi bambaye imvutano baraberwa bidasanzwe

Munama y’abakenyezi b’imboneza iriko irabera mugisagara ca Bujumbura kumurwa mukuru w’ubutunzi w’igihugu c’uBurundi,abazungukazi bitavye iyo nama bambaye imvutano baraberwa bidasanzwe.

Bamwe mubazungukazi baribambaye imvutano munama y’abakenyezi b’imboneza iBujumbura

Iyo nama yatanguye kumusi w’ejo igenekerezo rya 24 gitugutu 2019,ikaba izorangira kuruyu wa gatandatu,igenekerezo rya 26 gitugutu 2019,yatumiwemwo abakenyezi b’imboneza bava mu bihugu bitandukanye vyo kwisi,aho bamwe mubazungu kazi bitavye iyo nama bahisemwo kwiyambarira imvutano.

Umuzungukazi yamabaye imvutano yariko aratangarira imvyino zikirundi munama y’abakenyezi b’imboneza iBujumbura

Umwambaro w’imvutano usanzwe ari umwambaro ujanye n’imico n’imigenzo vy’igihugu c’uBurundi,ndetse akaba atagihugu na kimwe c’iburayi bafise uwo muco wokwambara imvutano.

Umurundikazi n’umuzungukazi bambaye imvutano munama y’abakenyi b’imboneza iBujumbura

Mwokwibukako mu misi iheze habonetse abandi bazungu babonetse kumasanamu kumbuga ngurukana bumenyi bambaye ibitenge bahetse n’abana bariko barasekura  mu masekuro y’ikirundi n’imihini.

Iyo nama y’abakenyezi b’imboneza ikaba yateguwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uBurundi,Deniza Nkurunziza.

You may also like...