Bujumbura:Petero Nkurunziza,yuguruye ingoro nziza cane y’ishengero Bon Berger ryo mu Ngagara

Kuruyu wa gatanu ,igenekerezo rya 25 Gitugutu 2019,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaramutse yugurura inyubakwa zitandukanye,aho mbere yuguruye ingoro ibereye ijisho y’ishengero rya Bon berger ryo muri zone ya Ngagara.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarahejeje guca igitambara nk’ikimenyetso yinjiye icese ingoro y’ishengero bon berger

Iyo nyubakwa y’ishengero rya Bon berger ryo mu Ngagara,akaba yubatswe igihe kitari gito kandi ikaba ari inyubakwa iteye igomwe kandi yubatswe kubuhinga budasanzwe kuko ugeze indani hayo harakaka kuburyo budasanzwe,ndetse abantu bamwe bicara hejuru abandi bakicara hasi ariko bagashobora gukurikirana inyigisho z’uwubwiriza ubutumwa atangorane.

Iyo ngoro y’ishengero rya Bon berger ryo mu Ngagara,akaba ari ingoro nini cane,ndetse ikaba ifise n’ubushobozi bwokwakira abantu benshi cane,izoza irafasha mugukora ibikorane mpuzamakungu vy’ivugabutumwa.

Ingoro y’ishengero Bon berger ryo mu Ngagara

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yuguruye iyo nyubakwa muntumbero yogushigikira ibikorwa birangurwa n’abarundi.

Umukuru w’igihugu amaze kwugurura iyo ngoro yaciye ayinjiramwo .

You may also like...