Uganda:Muri kaminuza ya Makerere abanyeshure 11 baraye bakomerekejwe n’abajejwe umutekano

Mwijoro ryo kuruyu wa kane,igenekerezo rya 24 Gitugutu 2019,abanyeshure 11 bo kuri kaminuza ya Makerere barakomerekejwe n’abajejwe umutekano.

Umwe mubanyeshure bakomerekeye kuri kaminuza ya Makerere

Abo banyeshure bakaba bakomerekejwe n’abapolisi hamwe n’abasirikare bari baje gusaka mubigo vyiryo shure rya kaminuza ya Makerere,aho bugurura imiryango abanyeshure basanzwe babamwo kunguvu,bongera bakubita uwutevye kwugurura wese.

Judith Nalukwago,icegera c’uwuserukira abanyeshure bo muri kaminuza ya Makerere,amenyeshako biteye isoni n’agahinda kubona abanyeshure bakubitwa bakongera bagakomeretswa n’abajejwe umutekano.

Umukuru mugipolisi aho yariko arasohora abamenyeshamakuru kugira ntibabandanye bafata amasanamu

Abandanya avuga ko abakomeretse bagerageje kubajana mubitaro bitandukanye bivanye n’uburemere bw’ibikomere.

Kubwa Judith Nalukwago,icagenza abo bajejwe umutekano,kwari ukubabuza kubandanya bagira inama  n’abamenyeshamakuru kubera abamenyeshamakuru bose baringaho baciye babaka ibikoresho vyabo vyose bongera barabirukana mukigo ca kaminuza.

Bamwe mubamenyeshamakuru bari bankiwe kwinjira ahariko harabera inama mu bigo vya Kaminuza ya Makerere

Tubibutse ko kuva kumusi wa mbere,muri kaminuza ya Makerere ibikorwa vyahagaze kubera abanyeshure bamaze imisi muri yegereyegere biyamiriza iduzwa ry’amahera y’ishure,ndetse abanyehure barenga 50 bakaba bamaze gufungwa kubera ico kibazo.

You may also like...