Zimbabwe:Abashingamateka batavuga rumwe na reta bankiwe kubaza ibibazo umushikiranganji mungoro y’amakoraniro.

Mugihugu ca Zimbabwe,abashingamateka bo mumugambwe utavuga rumwe na reta irongowe n’umukuru w’igihugu  Emmerson Mnangagwa batswe uburenganzira bwo kubaza umushikiranganji uwari wese abayatumweko kigo c’amakoraniro y’abashingamateka.

Abashingamateka bankiwe kubaza ibibazo munama nshingamateka ya Zimbabwe akaba arabo mu mugambwe MDC,urongowe n’umushingamateka Nelson Chamisa.

Nelson Chamisa,umukuru w’umugambwe MDC utavuga rumwe na reta ya Zimbabwe

Imvo zatumye babankira gusubira kubaza ibibazo akaba aruko abo bashingamateka bo mu mugambwe wa MDC,batemera itorwa rya Emmerson Mnangagwa nk’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho Ziyambi Ziyambi,umushikiranganji w’ubutungane w’igihugu ca Zimbabwe yaraherutse kurungikira urwandiko Jacob Mudenda,umukuru w’Inama Nshingamateka ya Zimbabwe amumenyesha ko atosubira kureka abashingamateka bava mu mugambwe wa MDC,gusubira kubaza abashikiranganji baba bitavye ubutumire munama y’abashingamateka kubera abo bashingamateka batemera Emmerson Mnangagwa nk’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe.

Abashingamateka bo mu mugambwe MDC,bamenyesha ko iyo ngingo iteye kubiri n’ibwirizwa shingiro rya Zimbabwe,ndetse bakavuga ko iyo ngingo bayifashe kubera gutinya kwishura ibibazo vy’ubukene vy’ugarije igihugu ca Zimbabwe.

Jacob Mudenda,umukuru w’Inama Nshingamateka ya Zimbabwe,akaba yavuze ko bazosubira guhabwa ijambo mugihe bazoba bamaze kwemera ko Emmerson Mnangagwa ari umukuru w’igihugu ca Zimbabwe.

You may also like...