Igihugu c’ubuganda kigiye kugura indege y’intambara ifise ububasha bwo kurasa umwansi ari kubirometoro amajana abiri

Igihugu c’ubuganda kigiye kugura indege y’intambara ifise ububasha bwo kurasa umwansi ari kubirometoro amajana abiri (200km).

Indege y’intambara MIG 35, y’abarusiya

Iyo akaba ari indege yo mubwoko bwa MiG 35,indege y’abarusiya y’intambara yakozwe n’umugabo w’umurusiya  azwi kumazina ya Mikoyan-Gourevitch.

Ivyigurwa ryiyo ndege bikaba vyagiye ahabona inyuma yaho umushikiranganji wa uganda ajejwe ivyubuhinga bwa none,Dr Elioda Tumwesigye abonetse mu gihugu c’uburusiya ariko arasuzuma iyo ndege ko yoba imeze neza kugira bashobore kuyisuma.

Umushikiranganji wa Uganda Dr  Eliode arikumwe nabo bagendanye baje gusuzuma indege yo mubwoko bwa MIG35

Ivyo,umushikiranganji Dr Elioda Tumwesigye akaba yariko arabikora kumusi w’ejo igenekerezo rya 25 Gitugutu 2019, inyuma y’ibikorwa vy’inama yariko irahuza abakurubibihugu vya Africa n’umukuru w’igihugu c’uburusiya muco bise Sommet Russie-Afrique mugisagara ca Sotchi

Umushikiranganji wa Uganda Dr Eliode ariko arasuzuma indege y’intambara MIG 35,mugihugu c’uburusiya

 

You may also like...