RDC:ONU imenyeshako idashigikiye umugambi w’ibihugu vyo mukarere wokuja hamwe kugira batuze imirwi y’abarwanyi

Mugihe hamaze imisi hari inama ihurikiyemwo abarongoye ibisirikare vy’uRwanda,uBurundi,Uganda,Tanzaniya na repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo, iriko irabera mugisagara ca Goma mu repuburika iharanira demokarasi ya congo, muntumbero yo kurabirahamwe ingene bogarukana umutekano muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo no mukarere ,ishirahamwe mpuzamakungu ONU,rimenyesha ko ritazoshigikira uwomugambi.

Iburende ya Monusco,hamwe n’imodoka irimwo abasirikare ba congo

Nkuko bishikirizwa na Leila Zerrougui arongoye MONUSCO,umugambi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU wokugarukana amahoro muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,amenyesha ko batazoshigikira uwo mugambi wokujahamwe kw’ibisirikare vyo muri kano karere muntumbero yo gutuza imirwi yose y’abarwanyi irwanira muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Kubwa Leila Zerrougui,MONUSCO,ntaburenganzira ifise bwo gufasha ingabo z’ibindi bihugu bije gukorera ibikorwa vyabo muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Florence Marchal,umuvugizi wa MONUSCO,muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,avuga ko kuba MONUSCO yaritavye inama ihuza ingabo za RDC,uRwanda,uBurundi,Uganda na Tanzaniya,bitavye ubutumire gusa bari bahawe kandi bari nkindorerezi muri iyo nama.

You may also like...