Ikawa y’uBurundi niyo izimvye gusumvya izindi kawa mugihugu c’uburusiya

Ikawa y’uBurundi niyo kawa izimvye gusumba izindi kawa ziriko ziradandazwa mu gihugu c’uburusiya mu mangazine zitandukanye muri ico gihugu.

Nkuko vyibonekeza mu mangazine y’abafaransa Auchan France,iri mugisagara ca Moscou kumurwa mukuru w’igihugu c’uburusiya,ikawa ikomoka mu gihugu c’uburundi niyo izimvye gusumba izindi kawa zidandazwa muri iyo mangazine ndetse no mubindi bisagara.

Ikawa y’uburundi n’izindi kawa biriko biradandazwa mumangazine  Auchan france mugisagara ca Moscou

Iyo kawa y’uburundi ikaba imaze imisi igurishwa kugiciro kirihejuru gusumba izindi,aho amagarama 250 y’ikawa ry’uBurundi agura amahera 235 y’amarusiya (235 Roubles),angana n’amadorare y’abanyamerika 3,73$,mugihe amagara 250 y’ubundi bwoko bwikawa rimaze imisi rigurwa amahera amahera y’amarusiya 227,n’ukuvuga angana n’amadorare y’abanyamerika 3,60$.

You may also like...