Inyishu R-Flow yishuye umuryango umwagiriza gusubiramwo indirimbo yabo atabisavye

Inyuma y’aho umupfasoni n’umwana basigwa n’uwahoze ari umuririmvyi w’umurundi azwi kumazina ya Hakizimana Jean Berchimas,bagirije umuririmvyi R-Flow kuba yasubiyemwo indirimbo “Umusaraba w’urukundo” yuwonyakwigendera ataburenganzira abisabiye,umuririmvyi R-Flow yavuye mugacerere aragira ico abivuzeko.

Umuririmvyi R-flow yasubiyemwo indirimbo umusaraba w’urukundo

Umuririmvyi R-Flow akaba yamenyesheje ko atari kwubahuka agasubiramwo indirimbo y’umuntu atabanje kubisabira uburenganzira.

R-Flow ati kugira nsubiremwo indirimbo yanyakwigendera nabanje kubisaba mw’ishirahamwe risanzwe rigenga abaririmvyi,amicales des musiciens du Burundi kandi n’amahera asabwa ibihumbi ijana n’arayarishe na facture ndayifise.

Facture yemeza ko yatanze amahera asabwa kugira umuntu asubiremwo indirimbo

Kugira ashobore kuriha ayo mahera ,umuririmvyi R-Flow avuga ko yabifashijwemwo na DJ Paulin,kandi ko yayahaye uwitwa Bamso kugira aje kuyariha kandi akaba yarayarishe aramuzanira na Facture icemeza ko amahera yashitse muri amicale des musiciens du Burundi.

Kubwa R-Flow,ati sinari kwiha uburenganzira bwo gusubiramwo indirimbo y’umuntu ntabanje kubisabira uruhusha,ariko ikibabaje nuko nyakwigendera Simbavimbere Bruno yarazwi kumazina ya Memba,yarasanzwe arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi atagihari kugira adutature kuko imbere yuko nsubiramwo iyo ndirimbo niwe yambwiye ivyo ntegerezwa kuzuza kugira ndayisubiremwo kandi naravyujuje.

You may also like...