Rwanda:Abagirizwa gutera grenades mugisagara ca Kamembe,berekanywe.

Nkuko bimenyeshwa n’umuvugizi w’igipolisi c’uRwanda,CP. John Bosco Kabera,abantu bane bagirizwa gutera ama grenades mu gisagara ca Kamembe,barafashwe kandi kumusi w’ejo igenekerezo rya 27 Gitugutu bareretswe abanyagihugu.

Abo nibo bagabo bane bicaye nibo bagirizwa gutera ama grenades mu gisagara ca Kamembe

Uwomuvugizi w’igipolisi mu Rwanda,akaba yabandanije amenyesha ko abafashwe biyemereye ko ari bo bateye izo grenades kandi ko bategerezwa guhabwa amahera mu gihe bahejeje gukora ico gikorwa.

Amasase n’amagrenades bivugwako bafatanywe

CP. John Bosco Kabera,akaba yavuze ko abo bantu basanzwe bakorana n’umuhari  wa FLN urwanya reta y’uRwanda ndetse bakaba bafatanywe inkoho zitandukanye,amasase,hamwe naza grenades zubwoko butandukanye.

Inkoho n’ibikono vy’amasase bivugwako vyafatanywe abateye ama grenades i kamembe

Mwokwibuka ko izo grenades zari zatewe mugisagara ca Kamembe, kumusi wa mungu igenekerezo rya 20 Gitugutu 2019.

You may also like...