Muramvya:Imvo zatumye musitanteri wa komine kiganada asaba iyugarwa ry’ingoro ya CNL

Kuruyu wa mbere iginekerezo rya 28 Gitugutu 2019,musitanteri wa komine Kiganda y’intara ya Muramvya,yarasavye iyugarwa ry’ingoro y’umugambwe CNL iri mu Matyazo.

Umushingamateka Rwasa Agathon,umukuru w’umugambwe CNL kurwego rw’igihugu

Nkuko tubisanga mw’ikete musitanteri wa komine Kiganda yandikiye uwutwara umugambwe CNL muri komine ya Kiganda,amusaba kwugara ingoro y’uwo mugambwe CNL iherereye aho bita i Matyazo .

Imvo zitangwa na musitanteri wa komine Kiganda kwiyugarwa ryiyo ngoro ya CNL yi Matyazo,nuko iherereye impande y’ububare hamwe nama butike(inzu z’ubudandarizo).

Ikete musitanteri wa komine kiganda yandikiye uwurongoye umugambwe CNL muri komine

Musitanteri wa komine Kiganda akaba yanasavye abarongoye umugambwe CNL muri komine arongoye ya Kiganda gutegerezwa kuba bafuse(bazimanganije) ivyandiko vyose vyanditswe kuri iyo ngoro bitarenze kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 2019.

You may also like...