Mwaro:Petero Nkurunziza,yakoresheje inama abaserukira inzego zitandukanye muri iyo ntara

Kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 29 Gitugutu 2019,umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero Nkurunziza,yazindutse agira urugendo muntara ya Mwaro neza na neza muri komine ya Kayokwe, aho ariko arakoresha inama abaserukira abandi munzego zitandukanye.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza murungendo muntara ya Mwaro

Iyo nama ikaba yitabwe n’imvukira z’intara ya Mwaro,abarangurira ibikorwa vyabo muri iyo ntara,abaserukiye inzego z’umutekano no kwivuna abansi.

Bamwe mubaserukiye abandi bitavye inama y’umukuru w’igihugu muri komine Kayokwe

Muri iyo nama umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba ariko aratanga inyigisho zisunga ahanini ibijanye no gukunda igihugu,ico yise seance de moralisation mu rurimi rw’ikinofunofu.

Mwomenya ko imbere yogutanguza iyo nama,umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabanje kwugurura icese ingoro y’amana yubatswe kumurwamukuru wa komine Kayoke muntumbero yo gushigikira ibikorwa vyaranguwe muntumbero yogutsimbataza imyaka 57 iheze igihugu c’uBurundi kironse intahe yokwikukira.

Umukuru w’igihugu aho yariko arugurura ingoro y’amanama muri komine kayokwe

You may also like...