RDC:Abashingamateka bomuntara ya Nord-Kivu ntibashigikiye umuzo w’abasirikare b’ibindi bihugu iwabo.

Mukiganiro batanze kubanditsi n’abamenyeshamakuru ku musi wa mbere igenekerezo rya 28 Gitugutu 2019,abashingamateka batowe muntara ya Nord-Kivu ntibashigikiye umugambi wa reta wokureka ingabo z’ibindi bihugu kuza guhiga imirwi y’abarwanyi.

Ingoro y’amakoraniro y’abashingamateka i Kinshasa

Abo bashingamateka bakaba bamenyesheje ko bisunze ivyabaye muri kahise aho ingabo zitandukanye z’abasirikare bo murikano karere bakoreye hamwe ariko ntaco bashoboye gushikako ahubwo vyatumye imirwi y’abarwanyi yiyongera,ndetse n’impunzi zabaye nyinshi kuva ico gihe gushika ubu.

Abobashingamateka bagasaba reta kwitondera icokibazo kubera reta ya congo niyo ishobora gutakaza ibintu vyinshi mugihe botanguza iyo ntambara kubera abanyagihugu bazohitanwa niyontambara ari abakongomani gusa.

Mwokwibuka ko kumagenekerezo ya 24 na 25 gitugutu 2019,mugisagara ca Goma hariko harabera inama yahuza abategetsi bakuru bakuru mugisirikare bari bavuye mu Rwanda,Tanzaniya,Burundi,Uganda n’abaribaserukiye repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo muri iyo nama muntumbero yo kuraba ingene abasirikare bo muri ivyo bihugu bokorera hamwe mugutuza imihari y’abarwanyi ngaho muri congo.

You may also like...