Rwanda:Igihugu ca mbere muri Africa gitanguje kugendesha imodoka zikoresha umuyagankuba

Kuruyu wa 29 Gitugutu 2019,niho igihugu c’uRwanda catanguje icese,umugambi wokugendesha imodoka zikoresha umuyagankuba mukibanza ca essence na mazout.

Imwe mumodoka ikoreshwa n’umuyagankuba mugihugu c’uRwanda

Kuruyo mugambi,igihugu c’uRwanda kikaba arico gihugu ca mbere co kumugabane wa Africa gitanguje uwo mugambi wogutanguza kugendesha imodoka zikoreshwa n’umuyagankuba.

Kuruyu musi wa kabiri igenekerezo rya 29 gitugutu,haza kwerekanwa imodoka zine zo mubwoko bwa Volkswagen, e-Golf, zizagushirwa kwisoko kuburyo uwuyipfuza wese ashobora kuyigura.

Imodoka yo mubwoko bwa VW,e-Golf ikoresha umuyagankuba i Kigali

Nkuko bibandanya bimenyeshwa n’abajejwe ishirahamwe riteranya imiduga yo mubwoko bwa Volkswagen mw’ihinguriro riri mugisagara ca Kigali,inyuma yico gikorwa ,niyindi miduga izoza iragwizwa bukebuke ndetse bakazogwiza na station iyo miduga izoza iranywerako uyo muyagankuba.

Station y’umuyagankuba iri mugisagara ca Kigali.

Muri iki gihe,bamenyesha ko hari station imwe izoba irafasha kugira iyo miduga ishobore kuronka uyo muyagankuba utuma iyo modoka ishobora kugenda ariko ahakaba hategekanijwe kwubakwa station 15 z’umuyagankuba mugisagara ca Kigali.

Mwokibuka ko mukwezi guheze haheruka gutanguzwa ipikipiki zikoreshwa n’umuyagankuba mu gisagara ca Kigali.

 

You may also like...