Uganda:Museveni yategetse abasirikare n’abapolisi kuva mukigo ca kaminuza ya Makerere

Mugatondo ko kuruyu wa kabiri,igenekerezo rya 29 Gitugutu 2019,umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni,yategetse abasirikare n’abapolisi bamaze imisi bugarije ikigo c’ishure kaminuza rya Makerere kuva muri ico kigo.

Abasirikare n’abapolisi baribamaze imisi mukigo ca kaminuza ya Makerere

Ivyo ,umukuru w’igihugu akaba yabitegetse inyuma yaho yarahejeje kugiranira umubonano n’abayobozi batandukanye b’ishure hamwe n’abanyeshure baserukira abandi mw’ishure kaminuza rya Makerere.

Muvyo bayaze,umukuru w’igihugu ca Uganda,akaba yasavye abayobozi b’ishure kaminuza rya Makerere n’abanyeshure baserukiye abandi gusubira kuntebe y’ibiganiro bakarabirahamwe ibijanye n’iduzwa ry’ibice 15 (15%) kumahera y’ishure asanzwe arihwa n’abanyeshure.

Abo banyeshure bakaba bari bamaze imisi indwi barahagaritse ivyigwa kubera iduzwa ryayo mafaranga y’ishure ndetse bakaba baribamaze imisi bahanganye n’abasoda n’abapolisi kuburyo bahora bama batanye mumitwe muri ico kigo.

Mwokwibuka ko muri iryo tana mumitwe abanyeshure batari bake bari bamaze kuhakomerekera abandi barafungwa.

Umukuru w’igihugu c’ubuganda Yoweri Kaguta Museveni akaba yagaye ingene inzego z’ishure n’izumutekano zitwaye muri ico kibazo.

You may also like...