Bresil:Abagabo bafise abagore bemerewe kuba abapadiri.

Mugihugu ca Bresil,abagabo bafise abagore baramaze kwemererwa kuba abapadiri (abihebeye Imana) bo mw’ishengero rya ekeleziya gatorika.

Ivyo bikaba vyafundikiwe munama yaheruka kubera i Roma kucicaro gikuru c’ishengero rya gatorika i Vatican,inama yahuje abasenyeri bashika ijana na mirongo umunani (180).

Papa Francis ariko arakoresha inama abasenyeri

Iyo nama ikaba yarangiye ifashe umwanzuro ko abagabo bafise abagore mu gihugu ca Bresil neza na neza mugice ca Amazone bashobora kuba abapadiri.

Iyo ngingo ikaba yafashwe muntumbero yokwongereza igitigiri cabapadiri muri ico gice ca Amazone kubera vyagiye biribonekeza ko abapadiri ari bake cane bigatuma abakirisu bataronka aba basomera imisa.

Bamwe mubakirisu b’ishengero rya gatorika ngaho mugice ca Amazone bamenyesha ko bishika bakamara umwaka wose bataronka umupadiri abasomera imisa .

Mumatohoza yakozwe n’ishengero rya ekeleziya gatorika,ibice birenga 85 kw’ijana (+85%) vy’udusagara duto duto two muri amazone bashobora kumara umwaka wose badasomewe imisa kubera ibura ry’abapadiri muri ico gice.

Umwungere mukuru w’ishengero rya ekeleziya gatorika kw’isi Papa Francisco,akaba yamenyesheje ko batazopfa gutora umugabo uwariwe wese ariko bazoraba abasanzwe bitwara neza mw’ishengero no mukibano.

You may also like...