RDC:Imirwi imwe y’abarwanyi yagize ico isaba kugira isubire mubuzima busanzwe

Mu gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,imirwi iherutse gushira ibirwanisho hasi yagize ico isaba kugira isubizwe mubuzima busanzwe.

Iyo mirwi yaheruka gushira ibirwanisho hasi akaba ari umurwi waba Mayi Mayi Hapa na Pale,na Yakutumba.

Abarwanyi baba Mayi Mayi Yakutumba

Abarwanyi b’iyo mirwi bakaba bashize ibirwanisho hasi bahitamwo kwishira mu minwe y’igisirikare ca congo FARDC mugisagara ca Fizzi, kumusi wa gatandatu igenekerezo rya 20 gitugutu 2019,ndetse bakaba baje bafise n’ibikoresho vyabo bigizwe n’inkoho ninini hamwe nantoya.

Inyuma y’inama yahuje abaserukira iyo mirwi n’igisirikare ca congo yahagarikiwe n’abasoda ba MONUSCO kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 28 Gitugutu 2019,abo barwanyi baragize ivyo basaba kugira basubire mubuzima busanzwe.

Ibi nibimwe muvyo basavye kugira bashobore kwemera gusubizwa mubuzima busanzwe:

  • Irekurwa ry’abarwanyi bo mubwoko bwa Batwa bafunzwe bagirizwa ubwicanyi bakoreye aho baribasanzwe baba,
  • Kworohereza no gufasha abo bita les chefs traditionnels gusubira muvyicaro vyabo mubisagara iwabo,
  • Kwemera icese ko imigambwe ibiri yabo ariyo CNPSC (Coalition nationale pour le peuple pour la souveraineté  du Congo) hamwe na PCC (Parti pour le changement du Congo) ko irekuriwe guko ibikorwa vya poritike nk’iyindi migambwe yo muri ico gihugu.
  • Igisirikare gitegerezwa kwegera kure y’igisagara cabo kugira ntihaze habe ukwinubana .
  • Icanyuma,kudakurikirwanwa n’ubutungane kuvyaha bakoze.

Umwe mundongozi zabo barwanyi,yavuzeko bivuzako amahoro agaruka mubisagara vyabo ariko reta nayo itegerezwa kubaha agaciro ikemera ko nabonyene naho ari abatwa bategerezwa kugira ijambo muri ico gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,ndetse bakaronka n’ibiti munzego zitandukanye zigihugu.

Mwokwibukako iyo mirwi yashize ibirwanisho hasi igizwe ahanini n’abasangwa butaka (abatwa) bo mukarere ka Fizzi.

You may also like...