Russie:Umugabo yahora arya (afungura) abantu yatawe mumvuto.

Nkuko bimenyeshwa n’igipolisi co mugihugu c’uburusiya,umugabo yahora arya (afungura) abantu yafatiwe mu burengero bwico gihugu c’uburusiya.

Uwomugabo w’imyaka 51 y’amavuka,akaba afashwe inyuma yaho igipolisi gikoreye amatohoza kubisigarira vy’amagufa y’abantu n’ibikoko vyatowe aho uwo mugabo yahora aba.

Umugabo yafashwe n’igipolisi c’uburusiya yagirizwa kurya abantu

Igipolisi kikaba cabandanije kimenyesha ko uwo mugabo atarya gusa abantu ahubwo yararya n’utuyabu hamwe n’imbwa.

Igipolisi kikamenyesha ko uwo mugabo yararondewe igihe kirekire kuko umuntu wanyuma vyamenyekanye ko yamuriye mumpera z’umwaka wa 2017,ariko bikaba bitoroshe ko bashobora kumufata kubera nawe yariyamaze kumenya ko aronderwa,akaba yaguma yimuka ahunga igipolisi.

Abajejwe umutekano bamenyesha ko bamaze kumenya ko yaramaze kurya abantu batatu,ariko bakaba bamaze kumenya imyidondoro y’umuntu wanyuma yaheruka kurya,abandi bakaba bataramenya imyidondoro yabo.

You may also like...