Uganda:Umukobwa w’imyaka 11 yahinduwe umuhungu agiriwe operation kwa muganga

Mugihugu ca Uganda,umwana muto w’umukobwa w’imyaka 11 y’amavuka,yakorewe operation (bamubaze ) bamuhindura umuhungu.

Ivyo vya bereye kubitaro bikuru vya Mulago mugisata co kubaga abantu bafise indwara zitandukanye (chirurgie),aho umwana w’umukobwa w’imyaka 11 azwi kumazina ya Catherine yagirirwa operation bigakunda ko ahinduka umuhungu.

Ibitaro bikuru vya Mulago

Catherine akaba yaramaze igihe asaba abavyeyi biwe ko bomujana kwa muganga kugira bashobore kumubaga yibere umuhungu,mugihe yari yavutse ari umukobwa nk’abandi ariko uko imisi yahera igihimba ciwe cirondoka kikaba cari cafashwe n’ubumuga aho agahimba kamwe kitwa clitoris kaguma kaba karekare kuburyo karikatanguye kumera nk’igihimba c’irondoka c’abahungu.

Dr Theresa Piloya,umuganga mukuru wo kuri ivyo bitaro akaba amenyesha ko ubumuga nkubwo batanguye kubuvura kuva mu mwaka wa 2012,ariko bikaba vyoroha kubuvura mugihe umuntu aba agifise imyaka mike.

Kubwabo Dr Theresa Piloya,iyo ndwara y’ihinduka ry’igitsina ikunze guterwa kenshi nivyo bise ama Hormones aho bavugako mumubiri wa Catherine hagwiriyemwo ama hormones y’abagabo naho yari yavutse ari umukobwa.

Mu munezero ntangere,uwahora yitwa Catherine akaba agiye kwitwa Emmanuel

You may also like...