Bujumbura:Umupfasoni yaraye agandaguwe arashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho.

Mwijoro ryo kuruyi wa gatatu igenekerezo rya 30 gitugutu 2019,abantu bitwaje ibirwanisho baraye bagandaguye umuntu bakoresheje inkoho.

Igisagara ca BUJUMBURA

Umupfasoni azwi kumazina ya Inamahoro Evangeline niwe yaraye arashwe amasase menshi cane n’abantu bitwaje ibirwanisho batashoboye kumenyekana bamusanze mu rugo rwiwe muri komine ya Muha zone ya Kanyosha mugisagara ca Bujumbura

Umwana w’uwo nyakwigendera w’imyaka 3 akaba yarakomerekejwe n’amasase kukuboko ariko akaba yarashoboye kurokoka.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi Moise Nkurunziza akamenyesha ko abakoze iryo bara bataramenyekana ariko amatohoza akaba yatanguye mbere n’umugabo w’uwomugore yaraye agandaguwe akaba yamaze gufatwa kumvo z’amatohoza.

You may also like...