Congo:Ikiraro kimaze amezi atandatu gusa gitanguye gukora cacitsemwo kabiri.

Muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,ikiraro cari kimaze amezi atandatu gusa gitanguye gukora ca citsemwo kabiri.

Ikiraro ca citse

Ico kiraro ca cicitse akaba ari ikiraro co kuruzi rwita fleuve congo,kikaba catuma haba imigenderanire hagati y’ibisagara bitatu kuko cahuza intara ya Tshopo n’intara ya Kasai centrale hamwe n’igisagara ca Sankuru.

Ico kiraro kikaba ca citse  kikaba capima uburebure bwa metero 18 (18m),kikaba cacitse mugihe hariko haracako imodoka yo mubwoko bwa kamyo (camion) ikwegana.

Ikiraro ca citse kiriko kiracako ikamyo

Mwokwibuka ko icokiraro cari cuguruwe icese n’umukuru w’igihugu Felix Tshisekedi mukwezi kwa Ndamukiza 2019 ,kikaba cari cashizwe mu migambi ijana yihutirwa cane gusumba iyindi yari yashizwe imbere n’uwo mukuru w’igihugu ca congo.

Igihe umukuru w’igihugu ca congo Felix Tshisekedi yariko arugurura ico kiraro mukwezi kwa kane

You may also like...