Michel Kafando,intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi yaraye atanze imihoho

Mwijambo yashikirije kumusi wa gatatu igenekerezo rya 30 gitugutu 2019, imbere y’abagize inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,Michel Kafando ,intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi ,yaramenyesheje ko ahagaritse ibikorwa vyo kubandanya ari intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi..

Michel Kafando yahora ari intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi.

Michel Kafando akaba yaramaze imyaka ibiri n’igice ari intumwa idasanzwe ya Antonio Guterres,umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mwijambo ryiwe akaba yarashimye aho yashoboye kugeza ikivi ciwe,aho ndetse yanashimiye reta y’uBurundi kutwigoro yagiye irakora kugira hagaruke ituze mugihugu c’uBurundi inyuma y’ingorane zatanguye mu mwaka wa 2015.

Kubwa Kafando,ati naho ubutunzi bw’igihugu c’uBurundi bwabandanije busubira hasi kuva mu mwaka wa 2015,ntitwobura kwemera ko umutekano wagarutse muri rusangi mugihugu cose akaba ari tuze naho bishika ugasanga hari akaciyemwo aha na hariya.

Kafando akaba yaranashimye ingene impunzi zitari nke ziriko ziratahuka kugushaka kwazo,ndetse agasaba reta y’uBurundi kubandanya igira utwigoro kugira abo bahungutse bashobore gufashwa gusubira mu miryango yabo nivyabo.

Kubijanye n’ibiganiro bihuza abarundi bitabaye nkuko vyari vyarategekanijwe,Kafando avuga ko vyavuye kugushaka guke kwaba nabariya,ndetse wewe agatunga urutoke cane akarere kuba ataco kafashije kugira ivyo biganiro bishobore kuba nkuko vyari bitegekanijwe.

Michel Kafando akaba yasavye umurwi ujejwe gutegura amatora CENI gutegura amatora arimwo umuco kubera iyo amatora ateguwe nabi akunze guteza inryane mugihugu.

You may also like...