Tanzaniya:Mugisagara ca Dodoma hagiye kubakwa ikibuga c’indege mpuzamakungu c’akarorero.

Mugihugu ca Tanzaniya,kumurwa mukuru  Dodoma,hagiye kwubakwa ikibuga c’indege mpuzamakungu kumfashanyo y’ibanki ya Africa ijejwe iterambere BAD (Banque Africaine de Developpement).

Ikibuga c’indege kigiye kwubakwa mugisagara ca Dodoma

Kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 30 gitugutu 2019,ibanki ya Africa ijejwe iterambere yaremereye ingurane igihugu ca Tanzaniya ingana n’imiriyoni 455 z’amadorare y’abanyamerika muntumbere yo kwubaka ikibuga c’indege mpuzamakungu mu gisagara ca Dodoma.

Nkuko tubisanga mw’itangazo ryasohowe na reta ya Tanzaniya ,amasezerano yiyongurane akaba yashizweko umukono  na Akinwumi Adesina,asanzwe ariwe atwara ibanki BAD hamwe na Palamagamba Kabudi,umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Ayo masezerano akaba abandanya amenyesha ko igihugu ca Tanzaniya kizokoresha imiriyoni 275 z’amadorare y’abanyamerika mukwubaka ikibuga c’indege gusa hama ayandi mahera agera ku miriyoni 180 z’amadorare y’abanyamerika mu kwubaka amabarabara atandukanye yinjira kuri ico kibuga c’indege n’ayandi mabarabara azoba yegereye ico kibuga c’indege.

Mwokwibuka ko igihugu ca Tanzaniya gisanzwe gifise ibindi bibuga 2 vy’indege bikomakomeye,aha twovuga,ikibuga c’indege ca Kilimandjaro hamwe n’ikibuga c’indege ca Dar Es Salam.

You may also like...