Uganda:Uwagirizwa urupfu rw’umuririmvyi Mowzey Radio yaciriwe igifungo c’imyaka 14

Mugihugu ca Uganda,sentare nkuru yo mugisagara ca Entebbe,yaciriye igifungo c’umunyororo w’imyaka 14 Godfrey Wamala azwi kwizina rya  Troy yagirizwa urupfu rw’umuririmvyi Moses Sekibogo,yaramenyerewe kumazina ya Mowzey Radio yahora aririmba mu murwi wa Goodlife.

Umuhisi Mowzey Radio

Sentare ikaba yamuciriye ico gihano kuruyu wa kane igenekerezo rya 31 gitugutu 2019,inyuma yaho kumusi wa kane w’indwi iheze kw’igenekerezo rya 24 gitugutu,iyo sentare nyene yari yagirije  Troy icaha co kwica Mowzey Radio atabigambiriye.

Umukuru wa sentare nkuru yo mugisagara ca Entebbe,umupfasoni Jane Abodo,akaba yamenyesheje Godfrey Wamala azwi kwizina rya  Troy ko afise uburenganzira bwo kwunguruza urubanza mugihe atoba yashimishe nurwo yaciriwe.

You may also like...