Umukinyi Saido Berahino agiye kumara indwi zitandatu adahonyoye mukibuga

Umukinyi w’umurundi ndetse akaba na kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’uBurundi Intamba mu Rugamba,agiye kumara indwi zirihagati ya zine na zitandatu adahonyora mukibuga.

Kizigenza w’intamaba mu rugamba Saido Berahino

Umukinyi Saido Berahino akaba yaraye agize imvune idasanzwe mugihe yariko arakora imyimenyerezo mu murwi wiwe wa Zulte Waregem  wo mwihiganwa ryo mucicaro ca mbere mugihugu c’ububirigi.

Iyo ikaba igiye gutuma Saido Berahino,umukinyi ngenderwako mu murwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba atazoboneka munkino zitegekanijwe zizohuza umurwi nserukiragihugu w’uBurundi n’igihugu ca Maroc hamwe n’urundi rukino ruzozihuza n’igihugu ca Centrafrica muri za nkino zo kurondera itike yo kuja muri CAN 2021

You may also like...