USA:Hagiye gutangura amatohoza ashobora gutuma Donald Trump akurwa kubutegetsi

Muri reta zunze ubumwe za Amerika,abagize Inama Nshingamateka yico gihugu,bemeje ingingo igiye gutuma batangura gukora amatohoza kumukuru w’igihugu Donald Trump.

Donald Trump,umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika

Iyo ngingo ikaba yatowe n’abashingamateka 232 bose bo mumugambwe w’aba democrates ,ikaba yahakanywe n’abashingamateka 196 gusa basanzwe bava mu mugambwe waba republicains,umugambwe uvamwo umukuru w’igihugu Donald Trump.

Inyuma yayo matora,umunyamabanga mukuru ajejwe kumenyeshamakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika,yamenyesheje ko Umukuru w’Inama Nshingamateka ya Amerika n’abashingamateka bo mumugambwe waba democrates bashaka gukura kubutegetsi umukuru w’igihugu Donald Trump mugihe bazoba batanguje ayo matohoza.

Mubiro vy’Inamanshingamateka ya Amerika

Ayo matohoza abashingamateka bakazoyakora mu mice ibiri,aho mumuce wambere bazokora amatohoza kandi bakazoza barabwira abanyagihugu ivyo bashhitseko muri ayo matohoza.

Mu gice kigira kabiri bazotanga raport kubajejwe ivyamategeko kugira batangure kuraba ingingo zikomeye umukuru w’igihugu yoba yararenze kuva agiye kubutegetsi gushika kuvyo amatohoza azoba yagezeko.

Iyo nama yabajejwe ivyamatrgeko izoba nayonyene ifise ububasha bwokwumviriza abantu bose bazoba bagize icobagiriza umukuru w’igihugu Donald Trump,kandi bazoba bafise n’uburenganzira bwo gusoma impapuro zibanga zivuga ivyamakosa Trump yoba yarakoze mukinyegero .

Nkuko bishikirizwa na  Nancy Pelosi,umukuru w’Inamanshingamateka ya reta zunze ubumwe za Amerika,amatohoza yambere azohera kwumviriza amajwi ya terefone umukuru w’igihugu Trump yaheruka kuvugana na mugenzi we w’igihugu ca Ukraine aho yamutegeka gukora amatohoza kuri Joe Biden,umu kandida w’umugambwe waba democrates  kubijanye no kurya ibiturire  kugira bamwagirize amakosa ntazohave atorwa.

Nancy Pelosi,umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika

You may also like...