Bujumbura:FRODEBU,Abagiye guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu bamenyekanye

Nkuko vyaraye bishizwe ahabona n’umurwi washizweho mumugambwe FRODEBU kugira ucagure abantu babiri muri batatu bazohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu mw’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe ritegekanijwe kw’igenekerezo rya 9 Munyonyo,amazina abiri yaraye ashizwe ahabona.

Pierre Claver Nahimana na Leonce Ngendakumana

Abaraye batowe n’uwo murwi akaba ari Pierre Claver Nahimana,asanzwe ari umukuru w’umugambwe FRODEBU na Leonce Ngendakumana,asanzwe ari icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU.

Uwuzoserukira umugambwe hagati ya Pierre Claver Nahimana na Leonce Ngendakumana, mumatora y’umukuru w’igihugu yimirije kuba mu mwaka wa 2020 akaba azomenyekana ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 9 Munyonyo  inyuma y’inama rukokoma y’uwomugambwe.

Mwokwibuka ko Bikorondagara Sylvestre,ariwe atahawe amahirwe yo kuba muri abo babiri bazohiganirwa ikibanza c’uwuzoserukira uwo mugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu mwaka wa 2020.

You may also like...