Bujumbura:Ibi nivyo bisabwa kugira wiyandikishe mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2019

Ihiganwa rya Miss Burundi ,ihiganwa ry’umwigeme mwiza ndetse anasumvya ubwenge abandi rigiye gusubura gutangura mu Burundi inyuma y’igihe kitari gito ryarahagaze .

Ihiganwa rya Miss Burundi 2019

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Gael Mugisha ,umukuru w’ishirahamwe Miss Burundi Event ryiyemeje gutegura iryo higanwa rya Miss Burundi 2019.

Mukiganiro abarongoye iryo shirahamwe bakoresheje kuruyu musi wa gatanu igenekerezo rya mbere Munyonyo 2019,Gael Mugisha arongoye iryo shirahamwe akaba yamenyesheje abaraho ko kwiyandikisha kubipfuza guhiganwa mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2019 ,bitanguranye n’irigenekerezo rya 1 Munyonyo kandi ikiringo co kwiyandikisha kikazorangira kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2019.

Ibi nivyo bisabwa kugira ushobore kwiyandikisha mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2019:

  1. Kuba uri umurundikazi
  2. Kuba ukiri inkumi( utubatse)
  3. Kuba utaravyara
  4. kuba ufise imyaka iri hagati ya 18 na 25 y’amavuka
  5. Kuba wiga muri kaminuza iyariyo yose
  6. Kuba upima uburebure kuva kumetero imwe ni sentimetero 65 kuduga
  7. Kuba ufise ibiro biri musi ya 65

You may also like...