Pakistani:Indarayi (Train) yafaswe n’umuriro ihitana ingenzi nyinshi cane

Mugihugu ca Pakistani,ibara ryaraye riguye,aho inderayi (Train) yafatwa n’umuriro ipakiye abantu benshi irasha iratokombera.

Isanamu yerekana iyo ndarayi yaraye ihitanye ingenzi

Ivyo bikaba vyabaye kuruyu wa kane igenekerezo rya 31 Gitugutu 2019,aho indarayi yafatwa n’umuriro udasanzwe,hakaba haciye hitaba Imana abantu bashika ku 75,abandi bantu barenga 40 bakaba barakomeretse cane.

Nkuko bimenyeshwa n’abaganga bagerageje gutabara abakomeretse,abantu benshi mubitavye Imana bapfuye mugihe bariko baragerageza guhunga uwomuriro kubera baca mumadirisha yiyo ndarayi mugihe yarikiriko iragenda.

Abantu benshi bakaba bagiye bakubita imitwe hasi bagaca bitaba Imana abandi nabo harabahitanywe n’ibiyo vy’amadirisha abandi nabo barabuze ingene bashobora kuyisohokamwo bakaba bahiriyemwo.

Ubushikiranganji bujejwe ivy’uruja nuruza mu gihugu ca Pakistani bumenyesha ko iryo sanganya ryaturutse kubikono vya bomboni vyarimwo gaz,bikaba vyaraturitse bituma iyo ndarayi ifatwa n’umuriro.

You may also like...