RDC:Igisirikare ca FARDC kiriko kirakora ibitero bikomeye vyo kurandura imirwi yose y’abarwanyi muri icogihugu

Muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo,igisirikare cico gihugu FARDC(Force Armee de la Republique Democratique du Congo),kiriko kirakora ibitero bikomeye ku mirwi y’abarwanyi iri muri ico gihugu.

Abasirikare ba repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo barikurugamba

Izontambara zikomeye zikaba zatangujwe nico gisirikare kuva kumusi wa kabiri igenekerezo rya 29 gitugutu 2019.

Général-major Léon Kasonga,umuvugizi w’igisirikare ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,akaba amenyesha ko biteguriye gutuza imirwi yose y’abarwanyi ikorera muri ico gihugu,ndetse akamenyesha ko bahereye ivyo bitero mu bice bisanzwe birimwo abarwanyi ba ADF(umurwi w’abarwanyi bava mugihugu ca Uganda),hamwe n’ibice birimwo abarwanyi baba Mayi Mayi.

Kubwa Général-major Léon Kasonga,imirwano yatangurijwe mubisagara vya Beni,Lubero na Butembo,ariko igisirikare ca congo kikaba kizokora n’ibindi bitero mubindi bisagara.

Nkuko bibandanya bimenyeshwa na Général-major Léon Kasonga,umuvugizi w’igisirikare ca Congo,ibi bitero nivyanyuma kuko igisirikare ca congo gitegerezwa gutuza burundu imirwi yose ikorera muri ico gihugu.

Mumajambo yiwe,umuvugizi w’igisirikare ca congo yavuze ati:”ibi n’ibitero vyanyuma kumirwi yose y’abarwanyi ikorera muri repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo,kubera igisirikare ca congo kirafise abasirikare bakwiye n’ibikoresho bikwiye kugira bashobore gutuza iyo mirwi yose.”

Twobibutsa ko muri ivyo bitero,abasirikare ba Monusco bemeye gutanga ubufasha kubasirikare ba congo muntumbero yo gutuza burundu iyo mirwi y’abarwanyi.

You may also like...