USA:Uwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu yavuze ko urumogi ruzokwemerwa kunyobwa kumugaragaro niyatorwa

Bernie Sanders,umukenguzamateka akaba n’umwe mubiyamamariza mu kibanza co kuba umukuru w’igihugu wa reta zunze ubumwe za Amerika,amenyesha ko niyatorwa kuba umukuru w’igihugu,urumogi azorwemeza mumategeko.

Bernie Sanders avugako azokwemeza urumogi mu mategeko ya Amerika

Kubwa Bernie Sanders,umukenguzamateka wo mumugambwe waba democrates,hamwe yotorwa,ikintu ca mbbere azihutira n’ukwemeza ko urumogi rwemewe n’amategeko kugira abantu bashobore kurufata ataco binona muri reta zunze ubumwe za Amerika zose.

Uwo mukenguzamateka akavuga ko haheze imyaka 4 ashikirije ico ciyumviro,aho ndetse abantu bamwe bamwe icogihe bamufashe nk’umuntu adashoboka mbere yataye umutwe,ariko ubu,urumogi rukaba rumaze kwemezwa n’intara 11 zo muri ico gihugu ca reta zunze ubumwe za Amerika,aho abarunwa barunwa kumugaragaro.

Bernie Sanders ivyo yavuze akaba yanavyanditse kurubuga ngurukana bumenyi rwiwe rwa Twitter

You may also like...