Yavyaye umwana aca aramuta kubera kwabagabo bose baryamanye yabuze numwe amwemera

Mu gihugu ca Africa yepfo ,kimwe mu bihugu bisanzwe bifatwa nka kimwe mu bihugu vya Africa giteye imbere ,umwe mu bigeme basanzwe  baba mu Ntara ya KwaZulu-Natal  mu gisagara ca   “durban”yavyaye umwana aca aramuta mugahinga kubera kwabagabo bose baryamanye bamwihakanye.

Uyu yataye uyu mwanya yarahejeje kwibaruka yamenyekanye kumazina ya JOBE Nkondel akaba yarasanzwe ari umwe mu banyeshure ba kaminuza bo kw’ishure riri mu gisgara ca Durban .

Uru ruyoya rukaba rwari rwatawe muri Park isanzwe izwi nka savanapark

Uyu mwana akaba yatowe nabagiraneza inyuma yaho uyu mwigeme amutereye mu kibanza kizwi nka “savanapark ” iki akaba ari ikibanza co kuruhukiramwo murico gisagara nyene ca Durban .

Babaza uyu mwigeme impamvu yamutumye ata umwana yivyariye yamenyesheje abajejwe umutekano  ko yabikoze kubera yabuze umubago numwe mubagabo bose baryamanye yemera uwo mwana yaragiye kuvyara ndetse ko nuwo yari yibaza neza ko yoba ariwe se w’uwo mwana ko nawe yamwihakanye izuba riva .

Uyu mwana w’uruyoya akaba yatowe akiri mu mwuka wabazima aca ajanwa kwirerero ry’impfumvyi mugihe nyina amuvyara yari yatawe muri yompi n’inzego zijejwe umutekano.

You may also like...