Afirika y’epfo:Kuncuro ya gatatu batwaye igikombe c’isi yose mu rukino rwa Rugby.

Murukino rwanyuma (final)  rwa Rugby,rwariko rurahuza umurwi nserukiragihugu w’igihugu ca Afirika y’epfo n’igihugu c’ubwongereza,abakinyi b’igihugu ca Afirika y’epfo batsinze bimwe bidasanzwe abakinyi b’umurwi w’ubwongereza baca batahukana igikombe .

Cyril Ramaphosa yariko arakira igikombe n’abakinyi inyuma yo gutsinda ubwongereza

Murukino rwariko rurabera mu gihugu c’ubuyapani mu gisagara ca Yokohama,umurwi nserukiragihugu watangaje cane umurwi nserukiragihugu w’ubwongereza aho wawutsinze nkabadahari mukuwutsinda ibitsindo 32 kuri 12 gusa.

Urwo rukino rukaba rwari rwitabwe n’abategetsi batandukanye kw’isi,aha twovuga umuganwa w’igihugu c’ubwongereza Harry,umukuru w’igihugu ca afirika y’epfo Cyril Ramaphosa,n’abandi .

Mwokwibukako igihugu ca Afirika y’epfo caheruka gutwara iki gikombe mu mwaka wa 2007,ndetse umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo wico gihe Tabo Mbeki akaba nawenyene yari yishikiye kwirabira urwo rukino.

Tabo Mbeki mu mwaka wa 2007 ahejeje kwakira igikombe

Igihugu ca Afirika y’epfo nyene kikaba carigeze gutwara ico gikombe nyene ubwa mbere mu mwaka wa 1995,ndetse umukuru w’igihugu wico gihe Nelson Mandela akaba yariyateye iteka abakinyi kuruwo musi

Nelson Mandela aramutsa abakinyi mugihe bari bahejeje gutwara igikombe mu 1995

You may also like...