Bujumbura:Abantu batatu baraye bishwe barashwe amasase muri zone ya Rohero.

Mwijoro ryo kuri uyu wa gatanu,mugisagara ca Bujumbura harumvikane urwamo rw’amasase,ndetse abantu batatu bakaba barahitanywe nayo masase abandi batari bake bakaba barakomeretse.

Moise Nkurunziza,icegera c’umuvugizi w’igipolisi

Ayo masase akaba yavuze kuruyu wagatanu igenekerezo rya 1 Munyonyo igihe c’isaha zitatu z’ijoro(21 heures),aho abantu bitwaje ibirwanisho binjira mubunywero benshi bita  Chez Gilbert, bwo mugisagara ca Bujumbura muri zone ya Rohero  bararasa abantu baraho,batatu bakaba baritavye Imana abandi nabo barakomereka.

Ayo makuru akaba yemezwa na Moise Nkurunziza,icegera c’umuvugizi w’igipolisi,ndetse akamenyesha ko abakoze ubwo bubisha batashoboye kumenyekana ariko amatohoza akaba yatanguye kugira ababikoze bashobore kumenyekana.

Twobibutsako kumusi wa gatatu igenekerezo rya 30 gitugutu 2019,haheruka kuba ubundi bwicanyi mugisagara nyene ca Bujumbura muri zone ya Kanyosha,aho ndetse bwahitanye ubuzima bw’umukenyezi.

You may also like...