Karusi:Umuntu yaramaze imyaka itatu yarapfuye yazutse asubira kuba muzima

Muntara ya Karusi,neza na neza muri komine ya Buhiga,umuntu yaramaze imyaka ishika kuri itatu yaritavye Imana yazutse asubira kuba muzima.

Uwo yaraye azutse akaba yarazwi kumazina ya Nitanga Beatrice wo muri komine ya Buhiga,ndetse akaba yariyaritavye Imana mu mwaka wa 2016 .

Nitanga Beatrice yari yarapfuye mu mwaka wa 2016,yasubiye kuboneka ari muzima.

Ivyo bikaba vyemezwa n’abari basanzwe ari ababanyi ba Nitanga Beatrice,aho bavuga ko uwoyasubiye kuboneka arumwe nyene bari barahamvye mu mwaka wa 2016.

Iyo nkuru ikaba yemezwa n’abajejwe inzego z’umutekano muri iyo ntara,ahombere ,ndetse na buramatari w’intara ya Karusi akaba yishikiye kuraba uwo muntu aho ndetse yaciye ahumuriza abanyagihugu kuri ico gitangaza kitamenyerewe cane.

Twobibutsako haheze imyaka itari mike aho igitangaza nkico c’igeze kuba mu ntara ya Kirundo,aho umwigeme yitwa Sandrine nawenyene yari yaritavye Imana ariko azakuboneka munyuma ari muzima ariko akaba yahavuye azimangana .

You may also like...