Mali:Abasirikare 53 baraye bishwe n’abarwanyi babasanze kukirindiro cabo

Mwijoro ryo kuruyu wa gatanu igenekerezo rya mbere Munyonyo 2019,abasirikare 53 n’umunyagihugu umwe baraye bishwe n’abarwanyi babasanze ku kirindiro cabo.

Imodoka y’igisirikare ca Mali aho bazindukiye gukizura.

Nkuko tubisanga mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bujejwe kumenyesha amakuru ngaho mu gihugu ca Mali,abasirikare 53 n’umunyagihugu umwe baraye bahitanywe n’igitero c’abarwanyi.

Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba aribo bakoze ico gitero kw’ikambi ya gisirikare ca FAMA (Force Armee Malienne),iherereye mu gace ka Indelimane ko mugisagara ca Menaka.

Abo barwanyi bakaba batanguye gutera ibibombe bikomakomeye muri iyo kambi,munyuma barungika amasase y’inkoho ntonto,ndetse bakaba baciye babinjirana babasanga mw’ikambi.

Mukugenda,abo barwanyi bafashe inzira zitandukanye aho bagiye batwawe n’amapikipiki n’imiduga .

You may also like...