Nigeriya:Umukobwa w’Umudereva w’indege yarokoye ubuzima bw’ingenzi yambitswe umudari w’intwari

Capitaine Simisola Ajibola,umukobwa akongera akaba umudereva w’indege wo mugihugu ca Nigeriya yaheruka kurokora ubuzima bw’ingenzi yaratwaye yambitswe umudari wambikwa intwari.

Capitaine Ajiloba aho yariko yambikwa amapeta n’umudari w’ubutwari

Ivyo akaba abikorewe inyuma yaho kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro 2019,uwo mudereva w’indege,akirije ubuzima bw’ingenzi yaratwaye aho indege yariko aranyonga yavamwo ipine ry’imbere mugihe yariko aragerageza kurwa ku kibuga mpuzamakungu ca Muritala Mohammed co kumurwa mukuru Lagos( Aéroport international Muritala Mohammed de Lagos),ariko Capitaine Simisola Ajibola akaba yarashoboye kuvyifatamwo neza akaba yarashoboye guhagarika iyo ndege kuburyo butangaje.

Indege yahagaritswe na capitaineSimisola Ajibola imaze kuvamwo ipine ry’imbere

Bamwe mungenzi zari muri iyo ndege ya companyi Air Peace yo mugihugu ca Nigeriya bakaba bamenyesha ko ivyo uwomukobwa yakoze vyari gushobora abantu bake cane kubona ashobora guhagarika indege yamaze kuvamwo ipine ryimbere kandi ntihagire n’umuntu numwe ahasiga ubuzima.

Iryo niryo pine ry’indege ryari ryataritse rivamwo indege itarahagarara

Abajejwe ivyuruja nuruza rw’indege mugihugu ca Nigeriya bamenyesha ko Capitaine Simisola Ajibola ariwe mudereva w ‘umukobwa wa mbere kwisi yoseyashoboye guhagarika indege muburyo bugoye nkubwo.

Capitaine Ajibola afatwa nk’intwari inyuma yo guhagarika indege yamaze gutakaza ipine ryayo ry’imbere

 

You may also like...