Petero Nkurunziza yuguruye icese inyubakwa z’akarorero zizokorerwamwo ibintu bitandukanye.

Iyari muntara avukamwo ya Ngozi,umukuru w’igihugu c’uBurundi,Petero Nkurunziza,yuguruye inyubakwa zakarorero zizokorerwamwo ibintu bitandukanye.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mugihe yariko arugurura icese Winner’s Hotel yubatswe mu ntara ya Ngozi.

Kuruyu wa mbere igenekerezo rya 4 Munyonyo 2019,umukuru w’igihugu c’uBurundi,nyenicubahiro Petero Nkurunziza,yabanje kwugurura ihinguriro ritoya rizohingura ibigori hakavamwo ifu.

Ihinguriro ry’ifu y’ibigori ryuguruwe muri zone Mivo muntara ya Ngozi

Iryo hinguriro rikaba ryubatswe muri zone ya Mivo kumfashanyo y’igihugu ca Swisse,aho rishobora guhingura hagati y’itoni 10 na 15 kumusi.

Umukuru w’igihugu akaba yuguruye kandi inzu y’ingenzi y’akarorero yiswe Winner’s Hotel igeretse incuro zine (4 Etages),y’umurwizatunga yitwa J.claude Ndikuriyo, kumurwamukuru w’intara ya Ngozi,ndetse uwuryango wuwo mugwizatunga ukaba waciye ugabira ishashi z’inka zine umukuru w’igihugu c’uBurundi, Petero Nkurunziza.

Inzu y’ingenzi yiswe Winner’s Hotel,yuguruwe n’umukuru w’igihugu Petro Nkurunziza

Ivyo bikorwa vyose,umukuru w’igihugu c’uBurundi, Petero Nkurunziza akaba yavyuguruye muri wamugambi wogushigikira ibikorwa vy’akarorero vyaranguwe muntumbero yo gushigikira intahe yo kwikukira abarundi bamaranye imyaka 57.

Winner’s Hotel yuguruwe n’umukuru w’igihugu

 

You may also like...