Rwanda:Umusore yahagaritse urukino ahamagara umukunzi wiwe amwambikira impeta mukibuga

Murukino rwa Basketball rwariko ruraba kuruyu wa gatanu,igenekerezo rya 1 Munyonyo 2019,umukinyi yahagaritse urukino abanza ahamagara umukunzi wiwe amusaba ko yokwemera akamwambika impeta y’urukundo.

Fabrice Rukundo ariko arasomana n’umukunzi wiwe mugihe yarahejeje kumwambika impeta y’urukundo

Mugihe urukino rwari rushushe,umukinyi azwi kumazina ya Fabrice Rukundo yahamabaye umukunzi wiwe amusanga mukibuga amusaba kumwambika impeta y’urukundo,kandi umukobwa akaba yaciye amwemerera arambara iyompeta ahonyene mukibuga,nk’ikimenyetso c’uko yaramwemereye ko nawe amukunda.

Mugihe Rukundo yariko arahamagara umukobwa yashimye kugira amwambike impeta yerekanako amukunda

Mururwo rukino rwariko rurabera muri stade Kigali Arena,abakunzi batari bake bakaba baratangajwe n’urwo rukundo uwomusore yerekanye kuruwo mwigeme,aho ndetse bamwe bavugako ari iryambere ibintu nkivyo bibaye mugihugu c’uRwanda.

Abakunzi isinzi bariko barasamarira Fabrice Rukundo n’umukunzi wiwe

Naho benshi baryohewe nivyo uwomusore yokoze ,abarongoye ishirahamwe rya Basket muri ico gihugu c’uRwanda bamenyesha ko ivyo bintu atari vyiza kubera vyahagaritse urukino umwanya utari muto kandi bitari kurutonde,ndetse bakamenyesha ko hatogira uwundi mukinyi yosubira kubikora ariko .

You may also like...