Senegal:Umunya senegal niwe yatahukanye agashimwe ka ONU kagenewe umupolisi kazi

Umupfasoni yamuka mugihugu ca Senegal niwe yaraye atahukanye agashimwe gatangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kagenewe umuppolisi w’umugore yakoze neza gusumba abandi.

Commandate Seynabou Diouf,umupolisi w’umugore yamuka mu gihugu ca Senegal,niwe yatahukanye agashimwe kitiriwe umupolisi w’umugore yakoze neza gusumba abandi bose kw’isi ko muruyu mwaka wa 2019.

Commandante Seynabou Diouf yaraye atsindiye agashimwe ka ONU kagenewe umupoisi w’umugore yakoze neza gusumba abandi

Commandate Seynabou Diouf,akaba asanzwe yarungitswe mu gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo mumugambi wa MONUSCO (Mission des Nations Unies pour la stabilisation en République démocratique du Congo) w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,ndetse ako gashimwe akaba yakaronse kubera ibikorwa vy’akarorero amaze kurangurira muri ico gihugu ca repuburika iharanira intwaro rusangi ya congo.

Muri MONUSCO,Commandate Seynabou Diouf,akaba asanzwe ajejwe ibikorwa vyo gukinga  no kurwanya  amabi akorerwa abakobwa n’abakenyezi bo muntara ya Nord Kivu mugisagara ca Goma.

Mwomenya ko ako gashimwe azokaronswa icese kumusi w’ejo wa kabiri ,igenekerezo rya 5 Munyonyo 2019 mugisagara ca Ney York, ku cicaro gikuru c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

You may also like...