Uganda:Isinzi ry’abamenyeshamakuru batawe muri yompi

Kuva mugatondo ko kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 4 Munyonyo 2019,abamenyeshamakuru batari bake batawe muri yompi n’igipolisi.

Bamwe mubamenyeshamakuru bariko barafatwa n’abapolisi mu gihugu ca Uganda

Abo bamenyeshamakuru bakaba bafaswe mugihe bariko barakora imyiyerekano biyamiriza akarenganyo bagenzi babo baheruka gukorerwa mugihe bariko baragerageza gutohoza amakuru kukajagari kariko karabera muri kaminuza ya Makerere aho bamwe bakubiswe barashaya kuburyo hari n’abakiri mu bitaro.

Benshi mubamenyeshamakuru bafashwe,bafatiwe mw’ibarabara bageze ahantu hitwa Jinja mugihe bariko baragerageza kuja kubiro vy’igipolisi vyo mugace ka Naguru kugira berekane akababaro bafise kubona bamwe mubagenzi babo bafunzwe bazira akazi kabo.

Abo bamenyeshamakuru bafaswe bakaba arabasanzwe bahurikiye mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UJA(Uganda Journalist Association),ndetse na Bashir Kazibwe,asanzwe arongoye iryoshirahamwe akaba ari mubafashwe.

You may also like...