USA:Umugabo w’umuzungu yagirizwa kwanduza umugera wa SIDA abigeme babirabure barenga 600 yagejejwe imbere y’ubutungane.

Umugabo w’umunyamerika w’imyaka 42 y’amavuka,azwi ku mazina ya Jason Rogers Pope,ariko akaba yarasanzwe amenyerewe kumazina y’ubuhizi ya DJ Kidd,yagirizwa kuba yaranduje umugera wa SIDA abakobwa n’abagore barenga 600 abishaka,yarafashwe ndetse akaba amaze nukurengutswa imbere y’ubutungane.

Jason Rogers Pope arikumwe n’uwo yanduje umugera wa SIDA

Jason Rogers Pope,akaba yagirizwa ivyaha bitatu:Kunyuruza abantu,Gukoresha imibonano mpuzabitsina abakobwa n’abagore muntumbero yo kubanduza umugeara wa SIDA yabigambiriye no Kwinjiza abana mubuhumbu abahendesheje amafaranga no kubanduza ikiza ruhonyanganda SIDA yabigambiriye.

Jason Rogers Pope arikumwe kw’ifoto n’umukobwa yanduje umugera wa Sida

Nkuko bimenyeshwa n’abajejwe umutekano muri reta zunze ubumwe za Amerika mugisagara ca Florence,kumatohoza bakoze basanze Jason Rogers Pope yatanguye gukora ubwo bubisha kuva mu mwaka wa 2011,aho yahendesha abana b’abakobwa n’abagore amahera kugira ashobore kubasambanya no kubanduza umugera wa SIDA.

Jason Rogers Pope yamayifotozanya n’abakobwa bose baba bamaze kuryamana.

Ico gipolisi kikavuga ko yanduza gusa abakobwa n’abagore bafise urukoba rwirabura,kandi akaba yabikora yabigambiriye kuko hariho nabo yafata kunguvu batari babishaka.

Igipolisi kikaba gisaba umuntu wese w’umukobwa canke umugore yoba azi neza ko yaryamanye n’uwomugabo yokwegera igipolisi kimwegereye kugira bashobore kumufasha kwitura ubutungane.

Jason Pope amaze gutabwa muri yompi

You may also like...