Mukumuhagarika igipolisi cifashishije imodoka itera amazi, abona gukoroka aciye hejuru.

Mu gihugu ca Uganda,igipolisi cokoresheje imodoka itera amazi kugira bashobore guhagarika umwe mubanyeporitike batavuga rumwe na reta ya Uganda.

Ivyo bikaba vyabaye kumusi wejo aho igipolisi cashaka gufata Dr Kizza Besigye,umunyeporitike atavuga rumwe na reta ya Uganda,cakoresha ikimodoka c’igipolisi gisanzwe kitera amazi kugira gishobore guhagarika imodoka uwo munyeporitike yarimwo ndetse bakaba barayimenaguye n’ibiyo.

Dr Kizza Besigye mugihe yariko araramutsa abanywanyi biwe imbere yuko imodoka y’igipolisi itangura kumutera amazi

Igipolisi caramutumbereje ko amazi asanzwe afise inguvu zidasanzwe kuburyo ayomazi yamucishije mukiyo c’imodoka cohejuru amukororera hasi imodoka yarimwo ibona guhagara.

Dr Kizza Besigye,akaba yariyankiwe n’igipolisi gushika kukibuga c’umupira ahari hategekanijwe ikiganiro n’abanywanyi b’umugambwe wiwe.

Dr Kizza Besigye igipolisi kiriko kiramutera amazi gushika akoroke mumodoka yarimwo

Abanyeporitike batandukanye bo mugihugu ca Uganda bakaba batera ivyatsi iyo ngendo y’igipolisi yo gukoresha inguvu nyinshi muguturatuza abatavuga rumwe na reta irongowe na Yoweri Kaguta Museveni.

You may also like...