Petero Nkurunziza n’abagize reta arongoye bari mumwiherero.

Umukuru w’igihugu c’uBurundi,Petero Nkurunziza n’abategetsi batandukanye batanguye umwiherero kuruyu wa 5 Munyonyo 2019.

Uwomwiherero ukaba uriko urabera mu ntara ya Gitega,umurwa mukuru wa poritike w’igihugu c’uBurundi,aho mbere uwo mwiherero uzomara imisi ibiri.

Umukuru w’igihugu mugihe yariko araramutsa abitavye umwiherero

Bamwe mubategetsi batumiwe muri uwo mwiherero akaba ari,ivyegera vyose vy’umukuru w’igihugu uko ari babiri, abashikiranganji bose bagize reta y’uBurundi,abategetsi bakomakomeye bo mubushikiranganji butandukanye,abayobozi b’ibisata bikomakomeye mugihugu,abarongoye amashirahamwe akomakomeye ya reta.

Abategetsi bakomakomeye bitavye umwiherero

Mwokwibuka ko umukuru w’igihugu c’uBurundi Petero Nkurunziza ariwe ayoboye uwomwiherero,ndetse bikaba bitegekanijwe ko uwo mwiherero uzosozerwa ku musi wejo igenekerzo rya 6 Munyonyo 2019.

Abashikiranganji n’abandi bategetsi bakomakomeye bitavye umwiherero.

Imbere yuko uwo mwiherero utanguzwa icese n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,ivyegera vyiwe vyabanje gukoresha akanama abashikiranganji batandukanye basanzwe bakukira ivyo vyegera uko ari bibiri.

You may also like...