Petero Nkurunziza yuguruye icese ihinguriro rihingura i tomate.

Murugendo rwiwe arimwo muntara ya Ngozi,umukuru w’igihugu c’uBurundi  nyenicubahiro Petero Nkurunziza,yaruguruye ihinguriro ryi tomate.

Umukuru w’igihugu c’Burundi,Petero Nkurunziza akaba yuguruye iryo hinguriro kumusi wejo igenekerezo rya 4 Munyonyo 2019 mu ntara ya Ngozi asanzwe avukamwo.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,yariko arakata igitambara nk’ikimenyetso cuko yuguruye icese ihinguriro ryi tomate

Iryo hinguriro rikaba ryegukira ikoperative yiswe “Dushingure i tomate  (KODI)”,igizwe n’abavuka ntara batandukanye bava mu Ntara ya  Ngozi,ndetse bakaba bakoresha ibikoresho vya kijambere nkuko twavyiboneye.

Ibikoresho vya kijambere vy’ihinguriro ryi tomate ry’i Ngozi

Naho muntara ya Ngozi atamwimbu w’itomate ushemeye  usanzwe uhaboneka ,abarongoye iri shirahamwe  “Dushingure i tomate  (KODI)” batumenyesheje ko ahanini itomate zizokoreshwa murugo ruganda rwabo zizoza zirava mu Ntara zisanzwe zimbura cane iTomate ,aho naho bakaba batumenyesheje ko iNtara ya Kirundo hamwe n’iNtara ya Cibotoke arizo bazoza barakuramwo itomate .

 

Ivyuma bitandukanye bacishamwo itomate bariko barahingura

Petero Nkurunziza,umukuru w’igihugu c’uBurundi,akaba yuguruye icese iyo koperative muri wa mugambi wogushigikira ibikorwa vyaranguwe n’abaenegihugu muntumbero yo gushigikira intahe yo kwikukira uBurundi n’abarundi bamaranye imyaka 57.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bariko baramwereka agasashe karimwo sauce tomate yahinguriwe muri KODI

Twobibutsa ko “Dushingure i tomate  (KODI)” isanzwe ifise ubushobozi bwo guhingura ama karato ( cartons) 48 agizwe namashashe  4800  y’itomate  k’umusi,

Agashashe kamwe kamwe kakaba gapima amagarama 70 ( 70g )

 

You may also like...