Ababikira babiri batwaye imbanyi bizana uruhagarara muri Ekeleziya Gatorika

Abihebeye Imana babiri b’ababikira batwaye inda bituma mw’ishengero rya Ekeleziya Gatorika kw’isi haba uruhagara kubera uwomwifato.

Aba bikira babiri baribarungitswe mubihugu vyo muri Africa bakuwe mugihugu c’ubutaliyono muntumbero yokuja gufasha mu bikorwa vy’ubutabazi,bagarutse i Roma bafise imbanyi.

Isanamu yerekana aba bikira babiri bariko baratembera

Ishengero rya Ekereziya Gatorika rikaba ryatanguje amatohoza kugira rimenye ingene vyashitse kugira abihebeye Imana baraganye ubwene ntegerwa baje mubikorwa vyogusambana.

Umwe murabo babikira w’imyaka 34 bikaba  vyamenyekanye ko yasamye imbanyi mugihe yaragiye kwa muganga kuko wewe yaraziko arwaye estomac kuko yaguma yumva aribwa munda,munyuma niho abaganga bamubwira ko atari estomac ahubwo ko afise imbanyi.

Uwundi mubikira bivurwako yari yarungitswe mu gihugu ca Madagascar mubikorwa vyogufasha abatishoboye muri imwe muri paroisse zo muri ico mugihugu,nawe nyene akaba yamenyeko yasamye inda amaze gushika mu gihugu c’ubutaliyano.

Bikaba bitegekanijwe ko inyuma y’amatohoza,abo babikira bose bazoca birukanwa muri iryo banga bahoramwo kuko ryabananiye kwihanganira bakagenda kurera ibibondo vyabo.

You may also like...