Abasirikare b’uRwanda barashe abanyagihugu bavuye gusuma muri Uganda

Mw’ijoro ryo kuruyu wa mbere,igenekerezo rya 4 Munyonyo,abasirikare b’igihugu c’uRwanda bararashe abanyagihugu bari bavuye mugihugu ca Uganda.

Abo basirikare bakaba barasiye abo banyagihugu kumupaka igihugu c’uRwanda gihana n’igihugu ca Uganda mu gace ka Gatuna.

Umupaka wa Gatuna uhuza Urwanda na Uganda aho abo banyagihugu barasiwe

Abo banyagihugu barashwe bakaba bari abanyarwanda baribavuye mugihugu c’Ubuganda kurondera ico gufungura kubera barashwe bariko baragerageza kwinjira mukinyegero mugihugu cabo c’uRwanda bikoreye imifuko irimwo ibirayi.

Ayo masase akaba yaramaze umwanya ungana n’iminota mirongo itatu (30min),ndetse umwe murabo bagabo barashwe atashoboye kumenyekana umwidondoro akaba yaciye ahasiga ubuzima,ariko mugenzi we azwi kumazina ya Jean Pierre Havugimana w’imyaka 28 y’amavuka.

Jean Pierre Havugimana aho arwariye mubitaro inyuma yo kuraswa n’abasirikare b’uRwanda avuye mugihugu ca Uganda gusuma ibirayi

Jean Pierre Havugimana,amenyesha ko akiraswa yashoboye kubandanya yiruka asubira mu gihugu ca Uganda,aho mbere yashoboye nokuronka ubufasha arajanwa kubitaro vya Rushoroza biri mugisagara ca Kabale.

Kubwa Jean Pierre Havugimana yaraswe akongera akarokoka,amenyesha ko binjira mugihugu ca Uganda mukinyegero bakagaruka mugihugu c’uRwanda mukinyegero kubera umupaka w’uRwanda na Uganda mu gace ka Gatuna umaze igihe kirekire warugawe.

Umwe mubasanzwe barongoye agasagara ka Katuna,amenyeshako abanyagihugu bo muri ico gice bagize ubwoba bwinshi kubera amasase yamaze umwanya utari muto,ndetse bakaba baribahagaritse umutima bagirango batewe.

Mwokwibuka ko atari iryambere abasirikare b’igihugu c’uRwanda bakorera kumupaka na Uganda barashe abanyagihugu b’uRwanda kuko baheruka no kurasa abandi bagabo batatu bariko baragerageza kwinjirana ibiribwa mu gihugu c’uRwanda babikuye muri Uganda.

You may also like...