Bateye igitsure Paul Kagame kugira arekure abasirikare bakomakomeye yafunze

Kumusi wa kabiri igenekerezo rya 5 Munyonyo 2019,bamwe mubashingamateka b’igihugu c’ubwongereza bateye igitsure Pauk Kagame,umukuru w’igihugu c’uRwanda kugira arekure abasirikare bakomakomeye yafunze.

Abashingamateka batanu bo mugihugu c’ubwongereza baraye bateye akamo umukuru w’igihugu c’uRwanda Paul Kagame kugira ashobore kurekura Colonel  Tom Byabagamba na Col Frank Rusagara ybahoze  ari abasirikare bomeye mugihugu c’uRwanda imbere yuko bafungwa

Col Byabagamba yambaye impuzu za gisirikare na Frank Rusagara ari inyuma yiwe yambaye impuzu z’abafungwa

Abo bashingamateka bakaba bamenyesha ko Colonel  Tom Byabagamba na Col Frank Rusagara bageramiwe n’indwara aho basanzwe bafungiwe kandi ko ari nkenerwako babonana n’abaganga babinonosoye kugira bashobore kubavura.

Abo bagabo uko ari babiri bakaba bafaswe mu mwaka wa 2014 baca barafungwa,uko ari babiri bakaba bagirizwa gukwiragiza ibihuha kugihugu c’uRwanda muntumbero yo kugicafuza.

Mwokwibukako naho col Frank Rusagara yafashwe agafungwa nk’umusirikare,wewe yari yarakukurutse ndetse akaba yoba yafunzwe kubera yoba yaravuze ibikorwa bibi Paul Kagame akorera igihugu c’uRwanda.

Kwigenekerezo rya 31 Ntwarante 2016,niho col  Tom Byabagamba na col Frank Rusagara baciribwa umunyororo w’imyaka 21 n’uwimyaka 20 nkuko bakurikirana.

Abo bashingamateka bakaba basaba Paul Kagame kurekura abo bagabo babiri basanzwe bakitswe n’amagara iyo bari mw’ibohero kuko avugako uRwanda ari igihugu c’ubahiriza agateka kazina muntu.

Ifungwa rya col  Tom Byabagamba na col Frank Rusagara rishobora gutuma inama y’abakuru b’ibihugu bivuga ururimi rw’icongereza itegekanijwe kubera mu gihugu c’uRwanda mu kwezi kwa Ruheshi 2020  ishobora guhindurirwa ikibanza nkuko abo bashingamateka babandanije babivuga.

You may also like...