Ingabo z’uBurundi i Somalie zaraye zironkejwe ibirwanisho bidasanzwe vy’intambara

Kumusi wejo igenekerezo rya 5 munyonyo 2019,ingabo z’abarundi ziri mugihugu ca Somariya gufasha kugarukana amahoro,zararonkejwe ibiduga bishasha bizobafasha kurwana intambara.

Ibiduga vya burende vyahawe abasirikare b’abarundi i Somalie

Ivyo biduga vy’intamabara vyo mubwoko bwa blindes bishika ku mirongo ibiri (20 ) vyatanzwe na reta y’uBurundi muntumbero yo kworohereza abasirikare b’igihugu c’uBurudi bari mugihugu ca Somariya mumugambi wa AMISOM wogufasha kugarukana amahoro muri ico gihugu .

Bimwe mubiduga vya gisirikare vyahawe abasirikare b’abarundi i somalie

Ambassadeur Francisco Madeira,intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa yari yahigereye kugira asuzume ivyo bikoresho ko bikomeye.

Général George Owinow,asanzwe ariwe ajejwe ibijanye n’ivyibikoresho mumugambi wa AMISOM nawe nyene nihoyariyibereye,ndetse akaba yarikumwe na Général Richard Banyankimbona,aeongoye ingabo z’uBurundi mugihugu ca Somariya mu mugambi wa AMISOM .

Gen de Richard Banyankimbona ariko arakira Madeira,intumwa idasanzwe y’ishirahamwe  ry’ubumwe bwa Africa

Ambassadeur Madeira,yamenyeshejeko ivyo bikoresho bizokwongereza inguvu abasirikare b’abarundi bari mumugambi wa AMISOM wokugerageza kugarukana ituze mugihugu ca Somalie ndetse akaba yamenyesheje kandi ko ivyo bikoresho bijanye bizofasha mukwiyunguruza kw’abasirikare no kubakingira mugihe bazoba bariko barakurikirana umwansi.

Ambassadeur Madeira ariko aragenzura ibikoresho vyose vyatanzwe kungabo z’ububurundi muri somariya

Mwokwibukako bisanzwe biri mumasezerano y’ibihugu vy’arungitse ingabo mugihugu ca somalie n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa avugako ibihugu abo basirikare bavamwo arivyo bitegerezwa guha ibikoresho abasirikare babo ndetse no kubihindura mugihe biba bishaje.

Ibirwanisho vyo mubwoko bwa blindes vyahawe igisirikare c’uburundi muri somariya

You may also like...