Petero Nkurunziza yatanguje ibikorwa vyokwubaka ibarabara rishasha ryikaburimbi rya RN 18

Kuruyu wa gatatu,igenekerezo rya 6 Munyonyo 2019,umukuru w’igihugu c’uBurundi ,Petero Nkurunziza ,yatanguje icese ibikorwa vyo kwubaka ibarabara rishasha RN 18 riva i Kibumbu rija i Gitega kumurwa mukuru wa Politike w’igihugu c’uBurundi.

Iri barabara ryatangujwe kubakwa kuruyumusi rikazoba ripima ibirometero mirongo ibiri na bine vy’uburebure (24km) vyuburebure ,rikazohera mu Kibumbu kumutumba wa Nyakibari , ndetse rikazobandanya gushika i Songa aho rizohura n’irindi barabara rya RN 8 (Route National 8).

umukuru w’igihugu c’uBurundi ,Petero Nkurunziza ahejeje gutanguza kumugaragaro ibikorwa vyo kubaka ibarabara rya RN 18

Muruwo mugambi hakaba hategekanijwe ko hazubakwa n’ibarabara riva i Mugoboka rija i Mweya,hakazubakwa ibarabara ripima ikirometero kimwe n’igice vy’uburebure (1,5km),ndetse hakazubakwa kandi n’irindi barabara ripima ibirometero bine n’igice (4,5km),riva i Songa rija Kumushasha.

umukuru w’igihugu c’uBurundi ,Petero Nkurunziza yagiye muri zimwe mu modoka zizokora murico gikorwa atanguza ibikorwa akoresheje ikimodoka gisanzwe kizwi nka “Tinga tinga”

Umushikiranganji wo gutwara iBintu nabantu mu Burundi bwana Jean Bosco NTUNZWENIMANA nawe yashimye ico gikorwa c’iyubakwa ry’ibarabara rishasha rya RN18

Tubibutse ko ivyo bikorwa vyose  bizokworwa n’ishirahamwe ryabagwizatunga baba shinwa (Chine)  Hunan construction engineering group,ariko amafaranga azokoreshwa muruwo mugambi wo kwubaka ayo mabarabaraakaba  azotangwa n’imirwi ibiri atandukanye aho ibice 90 kw’ijana (90%) azotangwa n’ikigega c’ibanki ya Africa ijejwe iterambere BAD,mugihe reta y’uBurundi nayo izotanga amahera angana n’ibice  10 kw’ijana (10%)

You may also like...