Uburusiya bwasubiye kumenyesha ko buzobandanya bufasha uBurundi.

Murugendo arimwo mu gihugu c’uburusiya,Amb.Ezechiel Nibigira,umushikiranganji w’uBurundi ajejwe ivyimigenderanire n’ayandi makungu,yaremerewe n’abategetsi barongoye ico gihugu ko bazobandanya bafasha igihugu c’uBurundi.

Abashikiranganji,Ezechiel Nibigira na Serguei Lavrov mugihe bariko baratanga ikiganiro inyuma y’umubonano

Umushikiranganji Ezechiel Nibigira akaba yarahawe umubonano udasanzwe na Sergueï Viktorovitch Lavrov,umushikiranganji w’igihugu c’uburusiya ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu,aho yamenyesheje ko igihugu c’uburusiya kizobandanya gifasha igihugu c’uBurundi ndetse kikazobandanya no kugishigikira mumanama mpuzamakungu ya ONU.

Umushikiranganji  Sergueï Viktorovitch Lavrov akaba mbere yarateye ivyatsi ibihugu bimwe bimwe vy’iburayi bibandanya vyisuka mu bibazo vy’uBurundi,aho amenyesha ko igihugu c’uBurundi cikukiye kandi abarundi ubwabo aribo bategerezwa gutora umuti w’ibibazo vyabo.

Abashikiranganji bose bakaba barahanye utuganuke inyuma y’umubonano baribahejeje kugirana

Amb.Ezechiel Nibigira,umushikiranganji w’uBurundi ajejwe ivyimigenderanire n’ayandi makungu nawe akaba yahamagariye abanyamitahe batandukanye kuza gukorera mu gihugu c’uBurundi kuko umutekano urakwiye kandi n’amatora yo mumwaka wa 2020 azogenda neza kuko ariko arategurwa kumugaragaro.

You may also like...